Nyuzwe n'ubucuti bwo mw'ijuru

Comments · 66 Views

Nyuzwe n'ubucuti bwo mw'ijuru nisunze umukiza ukomeye!

 

109. NYUZWE N'UBUCUTI BWO MW IJURU

1.Nyuzwe n'ubucuti bwo mw ijuru ,Nisunz' Umukiz' ukomeye. Ngiz' ihirwe, mbony' umunezero : Nisunz' Umukiz'ukomeye.

Ref:Niseguye amaboko yawe,Yesu; Singitinya: nisunz' Umukiz' ukomeye.

2. Nezezwa n'uko Yes' anyobora :Nisunz' Umukiz' ukomeye. Sinkiyoberw' inzira nyuramo : Nisunz' Umukiz' ukomeye.

3. Umutima wanjye ntuhagaze :Nisunz' Umukiz' ukomeye. Ngubwa neza ndi kumwe na Yesu : Nisunz' umukiz' ukomeye.

Comments